Ikibazo Co Kubura Ibitoro ( Essence) Cabaye Incamutwe Mu Burundi

0

Haraheze imisi hibonekeza ubukene budasanzawe bw’igitoro co mu bwoko bwa Essence mu Burundi. Nko mu Gisagara ca Bujumura, amabarabara amwe amwe asa nayagaragara,uruja n’uruza rw’imiduga rukaba rwaragabanutse cane.

Ubu kwiyunguruza kenshi gukorwa n’amakinga ( taxi-velos),naho nabo abo banyonga amakinga batemerewe kujabuka ibiraro vy’uruzi rwa Ntahangwa kugira binjire mu Gisagara hagati ca Bujumbura(Centre ville).

Ingaruka ni nyinshi inyuma ya hafi amayinga atatu aheze ata gitoro kiboneka mu Gisagara ca Bujumbura hamwe no kwiyunguruza mu Gihugu hagati. Ushitseaho bita kuri Gare du Nord hashikira imodoka zivuye mu burraruko no hagati mu gihugu, usanga ata ruja n’uruza rw’abantu n’imiduga ruhari.Imiduga ifata ingendo zija mu Gihugu hagati nayo ikaba isigaye ari mike cane.

Ishirahamwe ryunguruza abantu Volcano risigaye rikora ibikorwa bibayabaye muri iyi misi.imiduga y’iryo Shirahamwe yarumye kubera kubura igitoro.

Ubu kenshi kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bikaba bisigaye bikorwa n’amakinga.

Ingaruka ibabaje gusumba ni kubafata ingendo zija mu gihugu hagati. Nkakarorero, itike yo kuva mu gisagara ca Bujumbura uja mu ntara ya Kayanza yavuye ku mafararnga 5 000 ija ku mafaranga 8 000 kugira abanyonga imiduga bapfuke ingaruka ziva ku bukene bw’ico gitoro. Itike yokuva mu Gisgara ca Bujumbura uja mu ntara ya Ngozi yavuye ku mafaranga 6 000 ija ku mafaranga 10 000.

Iyo uriko uyaga n’abanyagaihugu, bamwe baridoga bavuga ko ubukene bw’igitoro bwabagizeko ingaruka zibabaje.Bamwe bahora bakora akazi ko kwunguruza abantu n’imiduga bakaba baramaze kubika nimiduga yabo, bakaba bibaza ingene bagiye gutunga imiryango yabo.

Ibi biriko bishikira Uburundi n’ibindi biriko bituma abanyagihugu babandanya bamererwa nabi mu vy’ubutunzi,mu vy’ikibano,abarundi bakaba babimazemwo imyaka ibiri inyuma yaho Ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya rifatiye ibihano mu vy’Ubutunzi igihugu c’Uburundi.