Ikibazo c’Imbonerakure za CNDD-FDD Cagarutsweko Muri ONU

0

Zeid Ra’ad Al Hussein, umukuru w’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ariyamiriza ivyakozwe n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, aho urwo rwaruka rwakoraniye hamwe, ruririmba ururirimbo ruhamagarira izo mbonerakure “gutera inda” abatavuga rumwe n’ubutegetsi kugira bavyare imbonerakure.

Mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa kabiri, Zeid Ra’ad Al Hussein yamenyesheje ko ivyo vyakozwe mu ntara zitandukanye z’Uburundi n’Imbonerakure za CNDD FDD biteye amakenga, kuko biza kwemeza ivyashikirijwe n’abahunze Uburundi, babwiye abo mu gisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ko bakozweko iterabwoba n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD.

Amasanamu yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye yerekanye urwaruka rurenga ijana rw’Imbonerakure za CNDD FDD ruriko ruririmba ruti : “Tera inda abakeba bavyare imbonerakure”, ivyo bikaba vyabereye muri komine ya Ntega, mu ntara ya Kirundo.

N’aho umugambwe CNDD FDD yasohoye itangazo wiyamiriza ivyo vyakozwe “bitandukanye n’akarangamutima k’umugambwe CNDD FDD”, mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bavuga ko no mu yindi mihingo y’igihugu c’Uburundi vyakozwe, bagatanga akarorero ko mu ntara ya Kayanza, aho urwaruka rw’imbonerakure rurenga 2500 rwaririmvye mwene izo ndirimbo zihamagarira gutafa ku nguvu abatavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe n’ukubagirira nabi.

Aho hose bigakorwa abategetsi batandukanye bo muri Reta y’Uburundi babona , nk’uko ONU ibimenyesha.

Itangazo rya ONU rivuga ko kw’igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2017, mu nama y’umutekano yagirishijwe na Buramatari w’intara ya Makamba, yahamagariye abanyagihugu kwicungerera umutekano wabo bonyene, bahagarike umuntu wese bikekse, bongere “bagandagure” umuntu wese biketse ko ari uwurwanya ubutegetsi.

Zeid Ra’ad Al Hussein, umukuru w’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko ivyegeranyo bitandukanye vyerekana ko kuva muri Munyonyo 2016 gushika muri Ntwarante 2017, ibitigiri vy’abantu bahohoterwa n’ababurirwa irengero vyabandanije kwiyongera. ONU imenyesha ko kuva muri Ndamukiza 2015 gushika kw’igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2017, abantu baharurwa mu 400.000 aribo bahunze igihugu c’Uburundi.

« Abakora iryo hohoterwa rya kiremwa muntu, bazotegerezwa kubibazwa, hatisunzwe ico bari n’amabanga bajejwe mu kazi kabo.”, uko niko Zeid yabishikirije mw’itangazo yasohoye, asaba Reta y’Uburundi kwemera gukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, hamwe n’ukworohereza abahinga bakora amatohoza bo muri ONU, bashike mu gihugu cose gutohoza ubugizi bwa nabi bukorwa, Reta yongere ifashe mu kworohereza ko abagirizwa ubwo bugizi bwa nabi bashengezwa mu butungane.