Ikibazo c’abigeme badandazwa mu bihugu vy’abarabo cabaye ndanse

0

N’ubu urudandazwa rw’abantu mu gihugu c’Uburundi ruracibonekeza,urwo rudandazwa rubangamiye cane abigeme n’abagore batwaga mu bihugu vy’abarabo nko mu gihugu ca Omani canke igihugu ca Arabiya Saudite.

Kuruno wa kabiri igenekerezo rya 30 Nzero 2018,igiporisi cafashe abigeme 6 i Bugarama mu ntara ya Muramvya bajanywe mu gihugu ca Omani.

Ejo ku musi wa mbere naho muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba hafashwe abigeme 12 bari batwawe mu gihugu ca Omani.

Mu gihe hari haciye amezi atari make hatavuzwe ivya bigeme bajanwa mu bihugu vy’abarabo kuja gukorayo ubuzi butandukanye, ariko bikabaviramwo kuba inyagano,uno mwaka wa 2018 vyabaye ndanse.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko abo bigeme 12 bafatiwe mu Mabanda bari batwawe n’umusore yitwa Fabrice RUKUNDO w’imyaka 25 y’amavuka yarabacanye mu ntara ya Kigoma mu gihugu ca Tanzaniya imbere yuko bajanwa muri Omani.

Urubuga rwa twitteru rw’igiporisi c’Uburundi kimenyeshako abafashwe i Bugarama mu ntara ya Muramvya bategekanywa kuja muri Tanzaniya bajabukiye mu ntara ya Muyinga.

Vyaravuzwe cane ko abigeme bagiye mu bihugu vy’abarabo bagirirayo ibibazo itandukanye nko gushurashuzwa,kudahembwa umushahara wabo n’ibindi.

None igituma babandanya kujayo kandi baronka amakuru ko abagiyeyo bagirirwa nabi n’igiki ?

Benshi bashikiriza ko bajanwa no kurondera akazi kuko mu gihugu baba baburaniwe babuze ico bafata n’ico bareka.