Ihuriro ry’imigambwe mu Burundi FDP riramutswa abarongozi bashasha

0

Kuva kuri uno wa kane igenekerezo rya 2 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017,ihuriro ry’imigambwe mu Burundi FDP rirongowe n’umushingamateka Felicien NDUWUBURUNDI,ava mu mugambwe CNDD-FDD.

Mu matora yabaye kuri uno wa kane igenekerezo rya 2 Ruhuhuma umwaka wa 2017,abandi batwe ni Concilie NIBIGIRA wo mu mugambwe UPRONA yatwe kuba icegera ca mbere c’umukuru w’iryo huriro,hamwe na Tito BUCUMI wo mu mugambwe MSP INKINZO yatowe kuba icegera ca kabiri.

Mw’ijambo yashikirije ahejeje gutorwa,Felicien NDUWUBURUNDI yamenyesheje ko mu mabanga ajejwe azokwisunga amategeko ngenderwako, kandi azokora ibishoboka vyose,kugira n’iyindi migambwe yinjire muri iryo huriro.

Felicien NDUWUBURUNDI asubiriye Jeremie KEKENWA yari amaze umwaka n’igice arongoye ihuriro FDP.