Ihonyabwoko ririko rirategurwa na Adolphe Nshimirimana

0

Hussein radajabu aramenyesha ko ihonyabwoko ririko rirategurwa n’ibiro bikuru vy’igendereza, nayo abariko barabikurikirana ngo n’aba FDRL. Akanatanga uburorero butandukanye kugira yemeze ko biriko bitegurwa.

hussein-2-079c2

Ihonyabwoko ryoba ririko rirategurwa n’ibiro bikuru vy’igendereza mu Burundi, ivyo bikaba vyashikirijwe n’uwahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD muri kino gihe ari mu buhungiro inyuma y’ugutoroka ibohero rikuru rya Mpimba. Muvyo yashikirije yamenyesheje ko abariko barakoreshwa muri ivyo bikorwa ari aba FDLR aho bariko bakurikirana uko ivyo bikorwa biriko biritegurirwa.

Iryo honyabwoko rikaba ritagamije kwica ubwoko ubu canke buriya nkuko abishikiriza, ahubwo ngo bugamije kwica abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, abari mu mashirahamwe yigenga, na bamwe mu bamenyeshamakuru. Naho atabavuga amazina y’abashaka kwicwa aratanga ivyemeza vy’amanama atandukanye akorerwa mu kinyegero, akavuga itangwa ry’ibirwanisho kuri bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure zegukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD hamwe n’itangwa ry’inkoho n’imiburiburi cumi na zibiri mw’ikomine yose igize igihugu, ari icemeza ko iryo honyabwoko ririko rirategurwa, akanongerako akarorero ka komune gishubi aho ibirwanisho bitangwa na musitanteri.

Naho abishikiriza gutyo uwo yahoze muri CNDD FDD ariko ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu vyo biratera ivyatsi ubwo bubeshi butagira izina, bakamenyesha ko batabona ubwoko bwotera ubundi mu gihe abarundi babanye neza kandi ubwoko bwose.

Mwokwibuka ko baheruka kumenyesha ko mu ntara ya Makamba neza neza i Nyanza-lac abantu barenga Ijana baheruka kwiba inkoho bafashijwe n’umukuru w’ikambi Major Desire Ndayisenga asanzwe afise ubucuti budasanzwe n’uwahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vy’iperereza ariwe General Adolphe Nshimirimana.