Ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere ryaraye ribandanije ku munsi wayo ugira kabiri.

0

Ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus League ryaraye ribandanije ku ncuro yayo igira kabiri hari ku munsi w’ejo igenekerezo rya 15/9/2015.
HAMISI MATCH
Ku munsi w’ejo hari urukino rumwe,urukino rwahuje imigwi ibiri,umugwi wa ATLETICO watanye mu mitwe n’umugwi wa MUZINGA urukino rwarangiye imigwi yose inganya ibitsindo 2-2.
HAMISSI 2
Twobamenyeshako uno munsi igenekerezo rya 16/9/2015 haza kuba urukino rutoroshe cane aho VITALO izagutana mu mitwe n’umugwi wa MESSAGER NGOZI ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore.