Igitero Ku Bwato Bw’Impunzi Muri Yemeni

0

Abantu b’Impunzi bashika ku 42 bishwe abandi batari bake barakomereka mu gihe ubwato bari barimwo bwaterwa hafi y’igice c’uburengero c’igihugu ca Yemeni, nkuko Ishirahamwe Ryitaho Abimukira kw’Isi OIM ryabitangaje.

Ubwo bwato bwari butwaye abantu bashika ku 160 igihe umwicanyi atazwi yabutera hama atangura kurasa ejo hahise ku musi wa gatanu 17/03/2017.Bamwe 24 mu bakomeretse baciye bavurirwa ku bitaro bihegereye.

Nkuko OIM ibimenyesha, ivyabona bamaze gutanga insiguro zidahuza nimba hoba hakoreshejwe kajugujugu canke ikindi kigwanisho co hasi mu gutera ubwo bwato. Nta numwe aremanga ko yakoze ico gitero.

Impunzi zahitanywe nico gitero ku Bwato

Benshi mu batewe bari bakomoka muri Somalia, mugabo ntibiramenyekana neza igitigiri cabo nkuko Ubuserukizi bwa Somalia muri yemen bwabitangaje.

Ishirahamwe ryitaho impunzi kwisi HCR rivuga ko ubwo bwato bwariko butwara impunzi buciye mu kiyaga gitukura buja muri Sudani.Uyu musi wa gatandatu, umuvugizi wa HCR muri Yemen yabwiye CNN ko abantu 39 ko aribo bakomeretse, bamwe bakaba bababye cane.

HCR iriko irakora cane irabe aho izo mpunzi ziva mu gihugu ca Somalia zojanwa, hama izo mpunzi zikitwararikwa bikwiye.