UBM News ads

Igisirikare ca RDC kivuga ko citeguriye kugarukana uturerere twose twafashwe n’umuhari m23

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi w’igisirikare ca RDC Gen Sylvain Ekenge yaraye atangaje ko igisirikare ca RDC kigiye guhasha umuhari M23 kubutaka bwa kongo bongere bagarukane uturere twose tumaze gufatwa n’uwo muhari.Ibi yabishikirije kuri uwu wa gatanu mu kiganiro n’abamenyeshamakuru I Kisangani.


Mu gihe umuhari M23 umaze igihe wifatira uturere twinshi mu ntambara zibera mu buseruko bwa Kongo zihuza uwo muhari n’igisirikare ca Kongo,umuvugizi w’igisirikare ca RDC Gen Sylvain Ekenge yaraye amenyesheje ko bagiye guhasha umuhari wa M23 mbere bongere bagarukane uturere twose tumaze gufatwa n’uwo muhari.

Ibi yabitangaje kuri uwu wa gatanu I Kisangani mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.Muri ico kiganiro kandi carimwo n’umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa Leta iharanira intwaro rusangi ya Kongo Patrick Muyaga.

Muri ico kiganiro umuvugizi w’igisirikare ca kongo yavuze ko igisirikare kigiye gukora n’abanyagihugu kugira batsinde urwo rugamba

Sylvain Ekenge yagize ati:«Dushaka gukorana n’abanyagihugu kugira dutsinde uru rugamba kandi twiyemeje kurutsinda tugarukane uturere twose uwomuhar umaze gufata».

Sylvain Ekenge yamenyesheje ko ikibazo catumye badatsinda urwo rugamba bamaze kugitahura mbere umwansi bakamugeza iyo yazanye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments