Igiporisi c’Uburundi cagirizwa kugandagura abantu bari bavuye ku maziko

0

Umuntu umwe yishwe n’igiporisi c’Uburundi mu gitero cabaye hagati y’abaporisi hamwe n’imodoka yarimwo abantu bavuye gushingura uwitavye Imana mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, i Buringa.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko bamwe mu rwaruka bari bagiye gushingura umwe wo muribo, umunyarwanda azwi kw’izina rya Mukurarinda Theoneste, aheruka gupfira mu gitero cabereye ku kigo ca Centre Jeunes Kamenge, i Bujumbura, kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2015.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, OP1 Piere NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yasiguye ko igiporisi cari caronse amakuru ko urwo rwaruka rwagiye rutwaye ibirwanisho kuri ayo maziko, ari nakwo gushaka guhagarika iyo modoka kugira bayisake. Nk’uko umuvugizi w’igiporisi yabimenyesheje, urwo rwaruka rwaciye rutangura kurasa, haca haba ugutana mu mitwe kwahitanye umuntu umwe muri abo bari mu muduga.

at

OP1 Pierre NKURIKIYE akaba abeshuza amakuru avuga ko ari igiporisi categereye abo bantu bari bavuye ku maziko, abaharurwa muri 16 bakagandagurwa n’abaporisi, abakomeretse nabo bagahohoshwa.
Mu gihe abavuga ko batewe bemeza ko bari bagiye gushingura umunyagihugu azwi kw’izina rya Djibril yahitanye n’urusasu mu Cibitoke, igiporisi cemeza ko hari hagiye gushingurwa Mukurarinda Theoneste, umunyarwanda mu giporisi bagiriza ko ariwe yahora arongora ibitero vyabera mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi bemeza kandi ko hafashwe abantu cumi na babiri, inkoho hamwe n’amagerenade, ibidahurizwako n’abari muri iyo modoka bagiriza igiporisi kuba cagandaguye bunyamaswa abanyagihugu bavuye gushingura uwabo yitavye Imana.