Igiporisi casohoye icegeranyo ku munsi ugira kabiri w’ugusaka ku nguvu

0

Ku munsi ugira kabiri w’ukwaka ku nguvu ibirwanisho bifiswe n’abanyagihugu batabifitiye uruhusha, mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko ico gikorwa kiriko kigenda neza, kandi ko muri Mutakura ahatanguriye ico gikorwa hafashwe ibirwanisho bitari bike.

OP1 NKURUNZIZA Moise, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko muri karitiye ya Mutakura hafashwe ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa roquette, inkoho imwe yo mu bwoko bwa G 3, inkoho 14 zo mu bwoko bwa kalashnikov, inkoho zibiri zo mu bwoko bwa pistolets, amagerenade cumi hamwe n’amasasu 297, ibikono vy’amasasu 8 hamwe n’umusipi umwe w’igisirikare (ceinturon militaire).

armes

Mw’itangazo ubushikiranganji bw’umutekano bwasohoye ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, ubwo bushikiranganji burashima uko ico gikorwa kiriko kiragenda mu mutekano.

Mu gihe bivugwa ko abaporisi batandatu n’abanyagihugu bane bitavye Imana mu bikorwa vy’ugusaka ku nguvu muri zone ya Musaga, mu giporisi c’Uburundi ntibavyemera. OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko umuntu umwe gusa ariwe yitavye Imana, uwo nawe mu giporisi bakamwagiriza ko ari umugizi wa nabi yateye gerenade abaporisi, agira atere iya kabiri baca baramurasa.

Muri iyo zone ya Musaga, igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko hafashwe inkoho zibiri zo mu bwoko bwa kalachnikov hamwe na gerenade imwe gusa.