Ejo igipolisi cagorobeje gisaka muri komine Jabe aho benshi bafashwe

0

Uko vyagenze muri rusangi bafashe abantu 3.

umwe numwana yitwa Lodrigue aba kuri avenue nyabikere nr 5 imbere yakabare bita LA SAVEUR (ku karyoshe _ kwa ndekatubane). Ico yazize nuko batoye isachet irimwo urumogi batoreye mu makara yadandarizwa kwirembo ryabo aca yagirizwa ko anywa urumogi.

police-perquisition-528x258

Uwundi numusore yitwa Jean adandaza ibutike imbere yayo makara basanze siflet muri nya boutik baca bamwagiriza k ari mubazivuza mwjoro kandi ko yari mu bagumutsi biyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

artoff821898

Uwundi numukongoman yashatse gusohoka bamubaza ibimuranga yerekana ikarata yo muri congo, ariko arabura icerekana ko afise uburenganzira bwo kuba mu burundi, aca yurizwa kizunguzungu (Panda gari).

Urundi rupangu ruri kuri jonction ya avenue nyabihanga na av jabe bahakuye amasafuriya manini manini 2 nimbabura imwe hamwe n’gice c’umufuko wamakara. Yagirijwe ko atekera abarwanyi n’abari mu myiyerekano, inkuru twahakuye nuko yahora ateka restaurant.

Ahandi bahatoye amagorori 19 ahandi 7.

Icibonekeje kindi nuko abapolisi bari benshi cane kandi bafise ibirwanisho bikomeye, abanyagihugu bari batekewe n ‘ubwoba ariko baremeshejwe nuko hariho abapolisi ba ONU baguma bakurikirana ico gikorwa kuburyo na PNB bagize ubwoba kuko vyaboneka ko baguma babakwepa.