Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yaraye abujije igikorane cari kuremeshwa n’umukozi w’Imana Mignonne Kabera asanzwe arongoye imbere y’amategeko ishengero New creation church yifadikanije n’ishengero Women Foundation Ministries. Ico gikorane bise «connect conference Africa» cari citezwemwo abakenyezi bashika ibihumbi bine baje bava mu mihingo yose yo kw’isi nkuko vyemezwa na bamwe mu bari bagiteguye.
Mu rwandiko rwarungikiwe kuri uyu wa kane Mignonne Kabera aserukira imbere y’amategeko New creation Church, Umushikiranganji Martin Ninteretse ntatomora neza ivyatumye abuza ico gikorane , gusa yanditse ko abagitunganije bafise izindi ntumbero. Ariko izo ntumbero ntiyazivuze.
Nkuko tubisanga mw’urwo rwandiko rw’umushikiranganji Martin Ninteretse, Ico gikorane cari catangiwe uruhusha kuwa 28 Myandagaro 2023 ariko uwo mushiranganji ahava akibuza ko kiba kuwa 14 Nyakanga, imbere y’umusi umwe gusa ngo gitangure kubera I Bujumbura muri Zone ya kinindo, kw’ibarabara ‘Avenue du large’ hakaba hari kuva kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 gushika ku musi w’Imana igenekerezo rya 17 Nyakanga 2023.
Recent Comments