Igifungu kiri mw’itangwa ry’amasoko ya Reta kigiye guhagurukirwa.

0

Umushikiranganji w’ikigenga ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO amenyeshako ikibazo gikunda kwibonekeza mw’itangwa ry’amasoko ya Reta kigiye guhagurukirwa muruno mwaka wa 2018.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikirangannji,Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje ko nimba ico kibazo gihora cibonekeza bazogerageza kugira umuti Waco uboneke naho atemeje neza ko murico gisata izo ngorane zihora zibaho.

Uyo mushikiranganji w’ikigega ca Reta yashikirije ko amasoko ya Reta yatanzwe mu mwaka wa 2017 angana 830 aho buri muntu wariwe wese yari yugururiwe guhiganwa.

Harakunzwe kuvugwa kenshi ko amasoko ya Reta atangwa ata higanwa ribanje kuba bigatuma aba n’abandi bidoga cane.

Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje murico kiganiro ko amafaranga ubwo bushikiranganji bwegeranije mu mwaka uheze wa 2017 yiyongereye k’urugero rwo hejuru gusumba ayari yategekanijwe gushika ku bice 104,6 kw’ijana.

Domitien NDIHOKUWAYO yamenyesheje ko amafaranga yinjiye mu kigega ca Reta avuye hagati mu gihugu yanganye imiriyaridi 753,72 y’amafaranga y’amarundi mu gihe ayari yategekanijwe kwegeranywa yangana imiriyaridi 720.287.938.498 y’amafaranga y’amarundi.

Ubwo bishikiranganji butegekanya ko mu mwaka wa 2018 buzoshiraho ikoreshwa ry’ ubuhinga bwa none bwo k’urugero rwo hejuru kugira abatunganirizwa bikorwe mu mwanya muto hamwe no kurondera amafaranga y’agaciro amaze imisi ataboneka mu gihugu.