UBM News ads

Igi polisi c’Uburundi kiratungwa urutoke mu biturire!

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igi polisi cacu kirakeneye inyigisho zikomeye cane. Mu mwuga wose hari inyifato umuntu agira imbere n’inyuma yakazi. Ubu ingenzi nyinshi harimwo nko ku kibuga c’indege, mw’ibarabara baraziko igihugu cacu kirangwa n’ibiturire. Ubu kubera batumaramaze kw’isi yose baca bafata amasanamu.

Ariko ntagitangaje iyo ubonye uko bifata no kubenegihugu. Raba nko ku mugoroba uravye igipolisi muri za kamenge, kinama, ku biraro Ntahangwa y’epfo na ruguru usanga batondekesheje amamoto bafashe aho hose kugira basabe ibiturire.

Burya abatwara polisi barafise akazi gakomeye. Muri polisi yomw’ibarabara yo barahagwanira kubera ca giturire mugabo ntibakirya bonyene. Baraheza bagahako ababashizeho. None iyo ngendo yotuzwa gute nande ? Imodoka ziduga mu ntara zo hagati ni uko nyene ko ziba zifise amahera zitanga ku munsi .

Uwo bahaye gutwara ico gi polisi kenshi nibo usanga baguze canke bakubaka ibizu binini binini. Hari igipolisi gikorera mubushikiranganji bw’ubutunzi kijejwe kurwanya abivye amahera canke banyegeje amahera canke bikekwa kuba bahishije itunga, none Ubwo bakorera kuri bose ? Oya .

Ibi tuvyemera tutavyemera tuzama turi inyuma kuko naho hatoba igiturire inyifato nk’iyi ukaja mw’ibarabara waborewe hama ntuhanwe kumugaragaro biteye agahinda.

Neva n’abagufasha mukabona ntimuhagurukiye polisi ifukamye mu nda abenegihugu nka za kamenge woja kuri zone moto zifatwa zirekurwa hatanzwe ibiturire birarenze. Tabara abenegihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments