Mw’ishirahamwe riharanira uburongozi bwiza bariyamiriza ifungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH. Ku bwabo barongoye iryo shirahamwe, birababaje kubona abaharanira agateka ka zina muntu bazira akazi kabo, nk’uko vyashikirijwe na Pascal Irariha arongoye iryo shirahamwe.
Mw’itangazo basohoye kuri uno w’Imana, mw’ishirahamwe EPL (Espoir pour la Promotion du Leadership) bamenyesha ko bashatse kwerekana umubabaro bafise ku vyerekeye itotezwa n’ifungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe aharanira agateka ka zina muntu n’ak’abafungwa. Pascal Irariha, umukuru w’iryo shirahamwe abandanya avuga ko ivyashikiye Petero Karaveri Mbonimpa bisa n’ivyabaye akamenyero, kuko mu minsi yahera vyashikiye n’umuhingwamanza Rufyikiri Isidore aho yaburabujwe, ndetse ubu akaba atagisohoka igihugu. Ivyo rero birononera igihugu, kuko no ku rwego mpuzamakungu basanzwe ari abantu bubahwa cane, nk’uko Pascal Irariha abandanya abimenyesha. Avuga rero ko mu gihe vyobandanya gutyo mu Burundi batubahiriza agateka ka zina muntu, amakungu ashobora gufatira ibihano Uburundi, na kare ko igihugu gisanzwe ahanini kibeshejweho n’imfashanyo ziva hanze.
Petero Karaveri Mbonimpa yashikanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuri uwu wa gatanu (Photo : IWACU)
Mw’ishirahamwe EPL basaba ko Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa atakirinze gusabwa. Basaba kandi ko hoba amatohoza ku vyerekeye ibimaze iminsi bivugwa ko hoba hari urwaruka ruri mu myimenyerezo ya gisirikare, hamwe n’ibirwanisho vyoba vyaratanzwe mu gihugu. Ayo matohoza nayo yokorwa n’umurwi ataho wegamiye nk’uko Pascal Irariha abandanya abishikiriza.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments