Icifujwe kuva kera cashitse, Radio RPA bahejeje kuyugara Burundu

0

Ico abashikiranganji batatu bari bashatse ku musi w’ejo igenekerezo rya 26 ndamukiza, uno musi wa kabiri w’imyiyerekano baragishitseko. Hari igihe c’isaha icenda zibura iminota nka 15 aho abamenyeshamakuru batatu bari muri Studio za RPA bamenyesha ko iradio yugawe burundu ko bazosubira kuyivugirako mu gihe hazoba habonetse akandi karyo.

IMG-20150426-WA0079

Ivyo bikaba bibaye mu gihe mu masaha y’igitondo ishami ry’iyo radio nyene mu ntara ya Ngozi yari yahagaritswe na Buraramatari wa Ngozi, bakaba batamenyesheje impamvu bayihagaritse. Ivyo nyene bikaba bibaye mu gihe iriyo yonyene yariko irumvirizwa hagati mu gihugu kuko bakoresheje ubundi buhinga bwabo nyuma yaho babaciriye imirongo .

Mwokwibuka ko ku musi w’ejo abari bagomba kwugara iyo radio bayagiriza ko ariyo iriko ituma haba umutekano muke mu gihugu kubera baguma bavuga uko imyiyerekano iriko iragenda mu Burundi bwose.

IMG-20150426-WA0075

Bamwe mu basanzwe barongoye ibigo bihuza abamenyeshamakuru bamenyesha ko ari uguhonyanga agateka k’ukumenyeshamakuru. Nayo abakunzi ba RPA bakomeza kumenyesha ko bigoye cane kwihanganira iyo ngingo.