Reta y’Uburundi yari imaze indwi zibiri itagira icegera ca mbere, kuri uno wa gatanu yamuronse. Prosper Bazombanza yarahiye icese imbere y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Afashe ibendera ry’igihugu c’Uburundi n’iry’ubumwe bw’abarundi, Prosper Bazombanza yarahiye agira ati : “Imbere y’abarundi bo bene Uburundi, jewe Prosper BAZOMBANZA, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ndarahiye ko ntazotirigana ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi, kw’ibwiriza shingiro rya Repubulika y’Uburundi hamwe n’ayandi mabwirizwa kandi ndemeye ko nzoharanira ntiziganya ineza y’Uburundi n’abarundi, nkubahiriza ubumwe bw’abarundi, amahoro n’ubutungane kuri bose. Ndiyemeje kurwanya ivyiyumviro n’ingendo vy’ihonyabwoko, guharanira n’uguteza imbere agateka ka zina muntu n’akabanyagihugu bose no mu kwubahiriza ukwikukira n’imbibe za Repubulika y’Uburundi. »
Prosper Bazombanza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarahiye ko atazotirigana ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi, kw’ibwiriza shingiro rya Repubulika y’Uburundi hamwe n’ayandi mabwirizwa
Ahejeje kurahira, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper BAZOMBANZA yateye umukono ku ndahiro yari ahejeje kwiyemeza, imbere y’umukuru w’igihugu, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, abashikiranganji, abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka.
Conciriya Nibigira niwe “Mudasigana”, umukuru w’umugambwe UPRONA yari yitavye ivyo birori
Abashingamateka bakomoka mu mugambwe UPRONA, nk’uko bari babigize ku munsi w’ejo aho Prosper BAZOMBANZA yariko aratorwa, nta n’umwe yahonyoje ikirenge mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe mu birori vyo kumwimika. Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka, Kabura François, hamwe na Pontien Niyongabo, icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka, bompi bakomoka mu mugambwe UPRONA ntibitavye ivyo birori. Conciriya Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’umushikiranganji Edouard Nduwimana yari mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe wenyene, yicaye inyuma ya Prosper BAZOMBANZA. Aho mukumva ko na Bonaventure Niyoyankana atari muri ivyo birori vy’iyikwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.
Concilie Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Muri iyo ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, icabonetse n’uko intwazangabo zo mu gisirikare n’igiporisi zari nyinshi cane kurusha uko vyahora, Prosper BAZOMBANZA akaba yari yicaye ku murongo umwe na Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana, umukuru w’urwego rw’igendereza, hamwe na Général Ndirakobuca Gervais batazira “NDAKUGARIKA”, umuyobozi mwishikira mu biro bikuru vy’igendereza. Inyuma ya Prosper BAZOMBANZA hakaba hari Conciriya Nibigira, asanzwe ari nawe yarungikiye iryo zina umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Muri abo banyecubahiro batashoboye kwitaba ivyo birori, twobamenyesha kandi abahoze ari abakuru b’ibihugu, uwuserukira igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, hamwe n’abihebeye Imana baserukira ekereziya Gaturika. N’umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri usanzwe nawo uri muri Reta nawe, Yohani Minani ntiyari muri ivyo birori.
Kuva i bubamfu uja i buryo : Prosper Bazombanza, umupfasoni wiwe, Général Ndirakobuca Gervais, Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana
Amakuru yo kwizerwa atangwa n’abegereye ibiro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, n’amazina atatu y’abashikiranganji basubirira abatanze imihoho, amazina yatanzwe na Conciriya Nibigira, ashobora gushikirizwa inama nshingamateka kugira iyemeze. Abo batatu ni GITERUZI Dieudonné bivugwa ko agira ahabwe ubushikiranganji bw’ubudandaji, NkEZABAHIZI Tharcisse mu bushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine, hamwe NGARUKO Francis mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru (mukamenya ko uwo Ngaruka Francis nawe ari mubatitavye ivyo birori vyo kwimika icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Bose uko ari batatu basanzwe bakora mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, ahagatijwe n’ivyegera vyiwe bibiri
Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana, umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza (i buryo), ari kumwe na Général Gervais Ndirakobuca (i bubamfu)
Prosper BAZOMBANZA icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ni nde ?
Prosper BAZOMBANZA ni umuhungu wa KIGANAHE Théophile na NTIBARUHISHA Régine. Yavukiye ku musozi KIZI, komine Rusaka, intara ya Mwaro, ku genekerezo rya 16 Ruheshi 1960, kandi arubatse. Amashure matomato yayize i Mwaro, ayisumbuye ayiga i Gitega, aya kaminuza nayo ayiga kuri Kaminuza y’Uburundi, ari naho naronkeye urupapuro rw’umutsindo rwa “Ingénieur Civil en Génie Electromécanique.
Ku myaka 54 y’amavuka, Prosper BAZOMBANZA ashinzwe amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu gihe yahora akora mu murwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga.
Prosper Bazombanza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
Gervais Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ariko akeza Prosper BAZOMBANZA, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
Sources : IGIHE BURUNDI
Recent Comments