Icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu Gervias Rufyikiri yoba yahunze?

0

bdi_gervaisRufyikiri

Hazindutse ibihuha ko icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais rufyikiri yoba yahunze igihuhu ubutakigaruka, bamwe bakaba bavuga ko yahungiye mu bubirigi aho muri kin gihe ari.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Burundi 24 avuga ko uwo munyecubahiro atahunze ahubwo ari muri ico gihugu kumvo zo kwivuza, akaba yahawe uruhusha rwo kujayo.

Mwomenya ko uyo munyecubahiro ari umwe mu bataheruka gusohoka igihugu. Mu makuru yacu y’imbere  twari twabamenyesheje ko yankiwe kubera adashigikiye ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu. Mbega none azogaruka? Reka turindirire turabe.