Ibiziga vy’abasirikare b’uburundi birenga 15 nivyo vyashikanywe kuri uyu wa mbere mu buruhukiro bwa gisirikare buri mw’ikambi ya DCA Passive bakunze kwita ‘Rwantanamo’ iri mu micungararo y’ikibuga c’indege ca Bujumbura. Ayo makuru aremezwa n’umwe mu basirikare yaduhaye ayo makuru , aho avuga kandi ko abasirikare bo mu butumwa bwa TAFOC y’umunani n’abo biteguriye kuja gufasha abandi bari mu ntara ya Kivu ya ruguru ngo bamaze imisi bataboneka ku kazi ivyo benshi babona ko kwoba ari ugutinya kuja muri izo ntambara zihuza umuhari M23 n’igisirikare ca Congo n’abo bicuditse hamwe.
Inyuma y’intambara zikomeye zabaye kuri uyu w’Imana hagati ya M23 hamwe n’igisirikare c’uburundi gifadikanije n’ica congo FARDC n’imirwi basanzwe bafadikanije, ibiziga vy’abo basirikare b’uburundi vyaratahukanywe kuri uyu wa mbere. Ibirenga 15 vyarakiriwe mu buruhukiro bwa gisirikare buri mw’ikambi ya DCA Passive iri mu nkengera y’ikibuga c’indege ca Bujumbura ahahoze inteko za ONU mu Burundi , izo nazo zikaba arizo zasize ama kontenere akanyisha igisirikare cifashisha mu kubika ibiziga vy’abasirikare baba basize ubuzima mu ntambara.
Umwe mu basirikare atashimye ko tumuvuga izina akorera mw’iyo kambi ya DCA Passive ariko tutashimye ko tumuvuga umwidondoro wiwe ku mvo z’umutekano wiwe yagize ati :«Ku musi wa mbere niho twabona hazanwa ibiziga vy’abagenzi bacu vyoba biri hagati ya 15 na 20 bije bivanwa mu ntara ya Kivu ya ruguru aho bariko barwana n’umuhari M23. Ivyo biziga vyose bikaba vyaciye bishirwa mu ma kontenere akora nka moroge. Twarabwiwe kandi ko hoba hari ibindi biziga vyoba bitaratorwa mu mashamba y’i Masisi yabereyemwo imirwano kuwa mungu. Eka twaramenye ko hari abasirikare bacu bagera kuri 37 bafashwe mpiri na M23, nkubu ntituzi ko abategetsi bo hejuru mu gisoda bazobagomboza canke babahebereyo»
Kubera kandi ko amakuru ariko ava mu mirwano ibahuza n’umuhari M23 abamenyesha ko bitoroshe, ngo hari abasirikare barenga 100 bo muri batayo y’umunani ya TAFOC bariko bategurwa kuja muri kivu ya ruguru bakaba batagitonda kw’ipero rya gisirikare.
«Kubera amakuru tuguma dukura ku rugamba hariya muri kivu ya ruguru adahumuriza, batayo igira iy’umunani yagire ije guhamvya abandi b’iwacu yoba isa n’iyiriko irakwepa kujanwayo kuko batagitonda kw’ipero. Bamwe bavuga ko bakitswe n’amagara, abandi n’abo bakavuga ko ababo bitavye Imana bagiye kubashingura no kugandara» Niko abandanya avuga.
Mw’itangazo wasohoye kuri uyu wa mbere, Umuhari M23 wagiriza igisirikare c’uburundi kurenga ku masezerano mu gusubiza mu minwe y’igisirikare ca Congo n’imihari bacuditse uturere bari basigiwe n’uwo muhari mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyari vyasabwe n’abakuru b’ibihugu b’akarere ka Afrika y’ubuseruko EAC. Ivyo ngo bikaba mu vyatumye bamwe mu banyagihugu baba mw’ivyo bice bamwe ngo bicwa abandi bagaturirirwa amazu. M23 ikavuga ko yaciye ifata ingingo yo gutabara abo banyagihugu no gusubiza inyuma ibitero wariko urakorwako.
Recent Comments