Ibiziga biguma bitorwa, ubu naho ni mu Rumonge

0

Umuntu atashoboye kumenyekana niwe yatowe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika mu Rumonge ku musi w’ejo.

FB_IMG_1439817153998

Nkuko ivyago bishikira Rumonge vyama bishika ku musi wa mungu, nubu ku musi w’ejo isaha zitanu hasubiriye gutorwa ikiziga ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika.

Nkuko amakuru dukesha bagenzi bacu ba SOS MEDIA ngo ico kiziga hakaba hataramenyekana vyukuri uwo muntu uwariwe.

Mwomenya ko ata makuru menshi ku bijanye n’uwo muntu araboneka, ariko ikimaze kumenyekana nuko haraho bica umuntu bakaja ku muta kure kugira ntibazomenye uwariwe nkuko vyibonekeza no mu zindi ntara.