Abari mumyiyerekano baragirizwa ko aribo bariko baratera ibitero vy’amagrenade ku bapolice ” Soma ngaha wumve

0

Uko imisi ihera ngo niko abari mu myiyerekano bahindura uburyo bwo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza nkuko bishikirizwa n’umuvugizi w’igi police Pierre Nkurukiye aho yayaga n’ikinyamakuru RFI c’abafaransa.Yamenyesheje ko ama Grenade yatewe ku musi wa gatanu mu gisagara ca Bujumbura ku ba police vyoba bifitanye isano n’imyiyerekano yarigize igihe iba ariko itashitse kuco yarigamije.

000_Par8165395_0

Muri ico kiganiro yagiranye n’iyo nsamirizi yamenyesheje ko aba Police bashika kuri 10 aribo bakomerekejwe n’izo grenade bivurwa ko zatewe guhera isaha imwe gushika isaha zine z’ijoro mu ma komine ya Musaga, kanyosha, cibitoke na Jabe.

Uwo muvugizi w’igi police akamenyesha ko biboneka kandi neza ko ivyo bitero vyari vyateguwe neza.