Ibisabwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu Biganiro biriko biraba

0

Umurwi Mouvement Arusha nturya umunwa mukumenyesha ko umukuru w’Igihugu c’Uburundi ategerezwa gukinjura agaheba ikiringo ariko ararondera kigira gatatu, ivyo akaba abivuze mu gihe ibiganiro biremvye hagati ya Leta ya Bujumbura n’abatavuga rumwe nayo.

Jérémie-Minani

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Igihe yamenyesheje ko ugushirwaho umwuka mwiza wa Politique vyotuma mu Burundi hatunganwa amatora yizewe na Bose.  Jeremie Minani asanzwe avugira uwo mugwi Mouvement Arusha yabandanije amenyesha ko ivyo bikunda mu ukwaka ibirwanisho imbonerakure, ugutahukana impunzi, ukurekura impfurwa za politique hamwe n’abafatiwe mu myiyerekano.

Jeremie Minani yabandanije kandi amenyesha ko hakwiye n’uguhagarika imitahe irondera abahamagariye abanyagihugu mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bakanahindura umurwi utegura amatora hamwe n’umurwi wubahiriza ibwirizwa nshingiro.

 

Uwo murwi Arusha ubandanya umenyesha ko ikintu cose coza kitubahiriza ivyo bisabwa ko batazogica n’iryehe.