Ibiro 80 vy’urumogi vyafashwe i Muyinga

0

Igiporisi cafashe mu ntara ya Muyinga ibiro birenga 80 vy’urumogi, bikaba vyafatiwe mu bikorwa vy’ugusaka vyabereye muri komine Buhinyuza.

Mu giporisi bavuga ko batanguye kurondera nyene urwo rugo rwafatiwemwo urwo rumogi, kugira ashengezwe imbere y’ubutungane.

Abajejwe intwaro hamwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi babandanya gusaba abanyagihugu ko bovavanura ingeso y’ukunywa ibiyayuramutwe, kuko arivyo ntango y’umutekano muke, hamwe n’ubukene mu miryango.