Ibintu Isiraheli iri gikora muri Gaza n’ihonyabwoko ryigendera,yatanguje urugamba rwo kwigarurira Gaza aho ama bombe ari urutavanako guhera kumusi w’ejo gushika uyu musi.
Amerika na Isiraheli bari mu mugambi umwe kuko ibi bibaye Umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika Rubio Marco avuye muri Isiraheli kuw’Imana.

Inyuma yaho Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli Benjamin Netanyahu atangarije ko agiye gusenyura burundu umuhari hamas,ntivyatevye uyu musi isiraheli yazindutse ikora ibitero bikomeye kuri Gaza.
Amabombe y’urutavanako akaba ariko yumvikana mu gisagara cose ca Gaza guhera ku musi w’ejo nkuko vyatangajwe n’ikimenyeshamakuru Al Jazeera.
komisiyo ya UN yoyo yemeza ko Isiraheli iri gukora ihonyabwoko muri Gaza.
Amerika ishigikiye isiraheli kuko ibi bitero bibaye inyuma yaho umushikiranganji w’imigenderanire ya Amerika Rubio Marco avuye muri Isiraheli kuri uyu w’Imana.





Recent Comments