UBM News ads

Ibintu vyakomeye ! Mimi Mireille agiye kwitura ubutungane

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwitwa “ Egide Nibizi “ muri comment yatanze yagize ati: Abarundi turafise ingorane yo gufatira hejuru ibintu, Eric jewe ivyavuga ndavyumva, ntahakana ko amakosa umugore ashobora kuba ayafise kandi imvo zogutandukana kwabubakanye sizo arimwo ico avuga ningene umugore yimwa uburenganzira bwo kubonana n’abana yavyaye. mubisanzwe nikosa kuko umwana n’ uwababiri, nivyo ntiyobajana kubatunga ariko barakwiye kuramukanya kuko barakumburana. Hagati yabubakanye hashobora kwaduka amatati kandi ivyo biba mumiryango yose iyo bishitse ntihabe guhuriza kumuti urama urugo rurasambuka ariko ntawukwiye kuca yigungirako uruvyaro kuko mwese muba murusangiye. Fata akanya wiyumvire nkiyo mimi nawe abatwara akabarera akaca yima uburenganzira se wabana kubabona hoho vyari kugenda gute?? Ico utifuza ko bakugirira ntukwiye kukigirira abandi. Mimi narenganurwe kataburana inzu namatongo aburana ivyafitiye uburenganzira.


Ikintu rero abantu benshi badatuhura, urya mugabo yahoze ati uwa Mimi ariko arasuzugura amategeko y’igihugu , kwima uburenganzira abana, gutera stress umuvyeyi bavyaranye, iyaba ari hano muri America ho badakinisha amategeko, uno mugabo yociwe idahabu y’indishi yakababaro kuburyo yicuza impamvu yararenze amategeko y’igihugu.

Mperuka kuganira n’abahinga kandi baminuje mu mategeko y’Uburundi ( Lawyer) barenga 20 , bose bahurije kukintu kimwe, bavuze ko Mimi adashobora kwimwa ubwo burenganzira bwo kubonana n’abana yavyaye “ igikwiye rero gukurikira, jewe ngiye kurondera Mimi Mireille ndamusabe ko yokwitura sentare kuko kugeza nubu, ntarubanza arashingisha, gusa ico amaze gukora, nuko yigeze kubonana nabahuza, ariko nyuma y’imisi abo bahuza baciye batangura k’umuhunga bamwima impapuro zo kugirango aronke uburenganzira bwo kugirango ajane urubanza muri sentare.

Kugeza ubu ino nkuru ya Mimi , nyuma yaho ntanguye kuyishikiriza, biraboneka ko ishobora kuba urubanza rwa High Profile cases “ canke se “Public interest case” bivanye n’izina rya Mimi ukuntu risigaye rizwi mu Gihugu “ ico nsaba abamenyeshamakuru mutangure gukoresha ibiganiro abaminuje amategeko kugirango basigurire neza abanyagihugu ico amategeko avuga , murekane nabo ba influencer ba online atanakimwe bize ari inkandagirabitabo mu bandi , nsubiye inyuma rero Public interest case bisigura ko urubanza rufatwa mu nyungu rusangi z’abanyagihugu, ntirugenewe gusa guca hagati y’abantu babiri canke amashirahamwe abiri, ahubwo ruba rugamije gukingira canke guteza imbere inyungu za benshi. Urubanza rwa “high-profile case” ni urubanza ruzwi cane, ruvugwa cane mu banyamakuru no mu banyagihugu, kubera Abarurimwo aba ari abantu bafise izina rikomeye , Uburemere bw’ikibazo kirimwo kuburyo urubanza rumaze gucibwa bishobora gufasha canke bigatera ingaruka ku gihugu cose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments