Ibintu umumenyeshamakuru Esdras NDIKUMANA yakorewe n’ibiro vy’iperereza birababaje cane.

0

Umumenyeshamakuru Esdras NDIKUMANA yiganiye abamenyeshamakuru bo kuri Televisiyo y’abafaransa bita ”France 24”, amabi yaboneye mu nyubakwa zikoreramwo iperereza, igihe yari ahejeje gufatwa ariko arafata amasanamu y’iyicwa rya Generali Adolf NSHIMIRIMANA.

adris

Yigana ko amaze gufatwa icambere bamwatse icuma gifata amasanamu, imbere yuko bamujana mu biro bikoreramwo iperereza kubona amabi atagira uko angana. Invo ya vyose, nawe ngo yagirizwa ko ari mu bahejeje kugandagura Adolf kuko banamwagiriza ngo ko ari umwansi w’igihugu.

Esdras NDIKUMANA rero arasigura ukuntu yakubiswe amahiri menshi, hamwe bagakoresha icuma, ahandi bagakoresha igihiri aho Yemeza ko yakubiswe inkoni zitari musi y’ijana (100), ahanini ku birenge,kubwicariro be no mumugongo. Eka n’ibihimba bindi ntivyagerwa umutwe kuko nk’amatwi yarasinzikajwe intoke nazo zivunagurika.

Hari n’abandi yiganiye ko utwo yari afise twose ngo yatwambuwe, uhereye k’urupeta, eka rworwo ngo akaba yabanje guhondwa ubuhiri ku ntoki kugira barwambure nkuko ukwambara urupeta wamengo kibaye ikindi caha ciyongeye kuvyo bamwagiriza. Nayo kimwe bita igodomoni co kimwe n’umudari w’inzahabu vyovyo ngo babitoye kurya agaca gafata umuswi!

image

Amakuru avurwa na bake bamaze gushika aho mw’iperereza bagasohoka bagishobora kuvuga, yemeza yuko iyo wagirizwa ikintu gikomeye ngo ugishika uheza ukakirwa n’abitwa ngo bakwandika mu bitabo. Aho rero niho utangurirwa kwamburwa ivyo ufise, bigasa nkuko umengo n’ivyo bakubikiye uzohava ugasubizwa niwasohoka, uretse ko ngo atanaho bavyandika, Mu nyuma yivyo niho ngo uca uhabwa umuntu batazira KAYIFA akaba ariwe akujana ahantu bita aho batazira GORIGOTA ariho rero uheza ngo ukabonera ay’imbwa yaboneye ku mugezi.

Kumbure ubutungane mu gutunganiriza uwo Esdras buzoheza bubonereho gutohoza bamenye koko ayo mabi akorerwayo kuko bitakiri agaseseshwarumuri ko hari benshi baheruka bafatwa maze munyuma bagatorwa ibiziga biboshe nk’uko umengo kwica umuntu gusa batabanje kumucura bufuni na buhoro ntivyomara inyota.

Uko bigenda kose bizoteba bimenyekane, kuko ngo n’uwakoreye ibidakorwa mu mbari yaramenyekanye!