Ibintu ntibitomoye neza ku bijanye n’ikoraniro kamenuza rya CNDD FDD rizoba kuri uyu wa gatandatu

0

Umugambwe CNDD FDD naho wamaze kumenyesha ko uzogira ikoraniro kamenuza kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 ndamukiza ngo yamara ntibaratumira umuntu n’umwe. Ivyo vyashikirijwe na GELASE Ndabirabe asanzwe avugira umugambwe CNDD FDD kuri uno musi mu gihe hasigaye amasaha adashika kuri 48 h ngo iryo koraniro ribe. Bikaba biteguwe ko rizobera kuri cicaro gikuru c’uwo mugambwe kiri muri Commune ya Ngagara mu Gisagara ca Bujumbura.

Ku kibazo c’ibizigirwa muri iryo koraniro ngo naco nyene ntaco yokivugako kuko ntaco barakimubwirako, ngw’ivyo bikaba bizomenyeshwe abamenyeshamakuru mu gihe umukuru w’Umugambwe CNDD FDD yogira ico abivuzeko.

Iryo koraniro kamenuza rishitse mu gihe hari ibihuha bitari bike bivuga ko umukuru w’igihugu ashobora kuba yamaze gutanga ya mahera atangwa mu gihe umuntu ashaka kwitoza ku giti c’Umukuru w’igihugu.