UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abakobwa mwese musome hano bino bintu 3 kugirango mureke guhendwa n’abahungu !

Muri kino gihe hasigaye hariho ingeso itari nziza yo kubeshana m’urukundo hagati y’abasore n’inkumi ugasanga umwe muri bo afise umukunzi ariko adashaka kubibwira uyundi. Aha tugiye kubagezaho ibintu 3 vyakwereka yuko umusore mukundana ko aba ariko arakubesha atakuri akubwiza.

UBM

1.uzosanga uyu musore adashobora kwereka abavyeyi biwe umukunzi wiwe, Kuterekana umukobwa usanga ari kimwe mu bintu vyerekana ko umusore abesha umukobwa, ikindi naco usanga uwo musore burigihe ashaka kuganira nuwo mukobwa amubwira ko bakwiye kuja ahantu hihishije imiryango yabo batashobora kubabona nkakarorero akamubwira akabari ( Club) bahuriramwo kugirango baganire.

2.Numuhamagara akenshi uzokumva ahora mu ngendo zidahera, Umusore ubesha akenshi uzasanga iyo umuhamagaye akubwirako ari mu modoka ko hari ahantu agiye, wamubaza ahariho ugasanga ntashaka no kuhakubwira canke akakubwira ko hari utuntu arimwo, igitangaje cane nuko akwemerera ko aza kuguhamagara niyo yarangazi ivyo aba arimwo ariko munyuma ukazorindira kwaguhamagara ntubibone, munyuma wamubaza impanvu ataguhamagaye akakubwira ko yavyibagiye, aho niwabona ivyo vyose uze umenye ko umusore aba ariko arakubesha.

3.agaragazwa kandi no kwiyemera, Abenshi mu basore babesha abo bakundana usanga bitwaza wa mugani wa kera wavuga uti ngo : umusore utiyemeye ntarongora inkumi,aha iyo wegereye abantu bakuze ukababaza, bakubwirako uyu mugani ko udasobanuye yuko umusore agomba kugaragaza ingeso yo kubesha mu gihe ari gutereta inkumi, bo bavugako vyabagaragaraho igihe baba barimwo batevya mbega bashaka ko ikiganiro kigenda neza, ugasanga abasore bikigihe ntibakigaragazwa no gutomora ahubwo ugasanga babesha abakobwa bavuga ko bafise ubutunzi kandi mu vyukuri ntabwo baba bafise ahubwo bishakira kwishimishanya n’inkumi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments