Ibintu biriko birashikira Mkombozi uvyumvise biratangaje cane ! aho Ninyuma yaho asohoreye indirimbo ya Papa Nzeyimana

0

Nyuma yaho asohoreye indirimbo idasanzwe yakunzwe n’abantu benshi ” umuririmvyi wigihangange mu muziki wu Burundi ” Nzeyimana Mkombozi ” ivyaciye bimushikira bikomeje gutangaza benshi kuko nyuma yaho ayisohoreye ubwiwe yemeze ko aribwo bwambere ahamagawe n’abantu batandukanye bariko bararira aho hose ngo ni kubera ugukorwako nayo ikindi naco uno muririmvyi akaba yashimiye abarundi mwese kukuntu mwakiriye ino ndirimbo yiwe nshasha ya Papa Nzeyimana

mkombozi

Uno muririmvyi nkuko yabandanije avyivugira, we yemeza ko Papa Nzeyimana ariyo ndirimbo ya mbere asohoreye mumahanga ikindi naco ngo kuba abantu batari bake barayikunze cane ngo bimuha intege ndetse akaba abashimira cane.

Mkombozi yagize ati : Ndazi neza yuko naho wodigadiga gute uwuriko arasha mumuriro adashobora ku gutwengera. Nagira mfate akakaryo nshimire abarundi mwese, kukuntu mwakiriye indirimbo yanje PAPA NZEYIMANA, kuko niyo ndirimbo yanje ya mbere ndi mumahanga ikaba ariyo ndirimbo nshoboye guhamagarwa n’abantu batandukanye bariko bararira abandi bandungira amajwi muza whatssap viber…bariko barira kubera ugukorwako nayo.Ndabashimiye cane bimwe bivuye k’umutima.Jah bless Burundi, Jah bless my Fans. Turikumwe. Hasta la Victoria Siempre

Mkombozi