1. Igihe uri kumwe n’mugore wawe mufate ku rutugu, umurabe mu maso nawe akurabe, mumare nk’iminota ibiri mutavuga, hanyuma umubwire ko umukunda nibiba ngombwa unamusome utamuteguje mbese umutunguye.
2. Abagabo bakunda kugira akazi kenshi ariko burya umugore akunda umugabo ushakisha niburiburi iminota mike akaja ahantu hatari urusaku hanyuma ukamuhamagara ukamwereka yuko umwiyunvira kandi ukamubwira ijambo “ndagukunda”
3. Gerageza gukorera umugore wawe ibintu bimwereka ko harimwo ubwitange ariko wirinde kumubwira ko witanze. Wewe bikore, hanyuma nyene ubwiwe abibone utarinze kubimubwira.
4. Uje ukorana imipango n’mugore wawe nko kujana gusenga, kuraba film, umupira , gutemberera abantu n’ibindi bitandukanye.
5. Ja wibuka amatariki umugore wawe afata nk’ingirakamaro mu buzima bwiwe, nk’itariki yiwe y’avukiyeko hamwe nibindi kandi umwereke yuko wavyibutse.
6. Ja ufata igihe utemberane n’mugore wawe ndetse mube mwahitamwo no kutarara mu rugo muje ahantu kure y’aho muba mufate nka hotel, ubundi ahasigaye mwiyibutse ivyo mwakora vyose kera mutarabana.
7. Kora ubushakashatsi ku mugore wawe, umenye impuzu akunda muyo ufise hanyuma ube ariyo wambara igihe cose muri kumwe.
8. Mu gihe uri kumwe n’mugore wawe mu rugo musange mu gikoni mutegurane ifunguro. Gufasha umugore wawe biratuma bimuha umunezero udasanzwe.
9. Akenshi iyo umugore wawe yakoze ikintu ciza, nkakarorero kukazi hamwe nibindi, uze umushimira kuko navyo biratuma aronka intege.
10. Igihe cose uri kumwe n’mugore wawe, ja ugerageza kumubwira mwijwi ryoroheje ndetse akenshi niwagenda kumubwira akantu gasekeje k’ibanga uje ukoresha kumwongorera, ngo kuko ibi bituma abona ko hari itandukaniro riri hagati yawe n’abandi.
Ibi niwabikorera umugore wawe ntakabuza muzobona mumahoro adasanzwe kuko abagore benshi bakunda ibintu bimeze nkuko.
Recent Comments