UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ibikorwa vya MONUSCO muri Congo vyaraye bihagaze -Bintou keita

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU muri Kongo Bintou Keita yaraye amenyesheje ko igisata ca ONU kijejwe umutekano muri Kongo vyahagaze guhera ku wa 30 ndamukiza 2024.Abasirikare ba MONUSCO bakaba bagiye gutahukanwa maze abasirikare ba Kongo basigarane ibirindiro bahoramwo.N’inyuma yaho Leta ya kongo yagumye isaba ko abasirikare ba MONUSCO bari mu karere ka Kivu y’ubumanuko bavayo bagasubira iwabo kubera bagirizwa gukorana n’umuhari M23.


Inyuma y’imyaka irenga 20 igisata ca ONU umutekano kijejwe umutekano gikorera muri congo mu gucungera umutekano w’abanyagihugu gifashanije n’abasirikare ba Congo,ubu abasirikare ba Leta ya cong nibo bagiye guungera umutekano w’abanyagihugu kubera ibikorwa vyahora bikorwa n’abasirikare bari mu butumwa bw’amahoro bwa MONUSCO vyaraye bihagaze guhera kuri uwu wa 30 ndamukiza 2024.

Leta ya congo ntiyahengeshanije gusaba ko abasirikare ba MONUSCO ko bukura meza bagasubira iwabo kubera abanyagihugu ba congo batasiba kwicwa kandi abo basirikare bahari.ibi vyaje kunyurwa n’uko umuhari M23 urwanira muri kivu y’ubumanuko wongereje ibitero bikomeye ugafata mbere n’uburere bwinshi guhera mu mpera za kigarama 2023 ibi bikaba vyatumye Leta ya Congo isaba ingabo za Monusco kuvayo bagasubira iwabo.

Guhera muri nzero uyu mwaka Monusco yatanguye kugabanya abasirikare bayo mu karerea ka kivy y’epfo kugira yitegurire ikiringo co gushika igenekerezo ya mbere rusama 2024 kugira izo ngabo zibe zavuyeyo.

Bintou Keita avugira Monusco avuga ko hari umurwi muto w’abasirikare uzosigara kugira ufashe mugusozera ico gikorwa gushika mu mpera za ruheshi 2024 akabavuga ko ubu umutekano ugiye gusubira mu minwe y’igisirikare ca kongo.Leta ya kongo ivug ako igiye gushiraho inzego ku mitumba zisobora gukora akazi ko gucungera umutekano.ibirindiro 2 bikaba bimaze gushikirizwa Leta ya Congo hakaba hasigaye ibirindiro 7 navyo nyene bikaba bizogenda birashikirizwa uko imisi igenda.muri ruheshi igenekerezo rya 30,ibirindiro vyose bizoba vyamaze gushikirizwa Leta ya Kongo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments