Ibihugu vy’Uburundi na Tanzania vyiteguriye kwubaka ibarabara ry’itereni

0

Ibihugu vy’Uburundi na Tanzania vyiteguriye kwubaka ibarabara ry’itereni rizohuza ivyo bihugu gusdhika mu gihugu ca Republika iharanajira demokrasi ya Kongo.

Amakuru ashirwa ahabona yerekana ko ibihugu vy’Uburundi bitegerezwa kuronka amahera ashika ku miliyaridi 2 z’amadolari y’Abanyamerika kugira ngo iryo barabara ry’itereni ryubakwe.

Ayo mahera akaba angana n’amamiliyaridi hafi 6000(ayokoreshwa na reta y’Uburundi mu kiringo hafi c’imyaka itanu.

Iryo barabara ry’itereni ripima ibilometrro rikaba ryitezwe gufatanya Tanzania mu gace ka Isaka na Musongati mu ntara ya Rutana mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubrundi.

Ibihugu vya Tanzania n’Uburundi bikaba vyiteguriye gutsimbataza imigenderanire mu vy’Ubutunzi mu gihe igihugu c’Uburundi gishaka kwagura imiryango yaco mu bidandazwa gishora hanze nka Nickeli.