Ibihugu vya USA, UK, France Vyahagaritse Irungikwa Ry’Ibigwanisho Vy’Ubushinwa Muri Centrafrique.

0

Mu gihe igihugu ciziziwe n’intureka zishingiye ku moko n’amadini cari casavye muri ONU ko ibigwansisho biva mu gihugu c’Ubushinwa vyohabwa ingabo za Centrafrique, ibihugu bitatu bifise ububasha bwo guhagarika canke kureka ingingo ikarengana muri ONU(Droit de veto) arivyo Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa vyahagaritse iyo ngingo ejo ku musi wa kane yo kurungika ivyo bigwanisho vy’Ubushinwa muri Centrafrique.

Centrafrique ikaba yari yasavye ONU ko yokuraho ibihano ico gihugu cafatiwe ku bijanye no kwinjiza ibigwanisho maze kugira ngo ibigwanisho vyahinguriwe mu Bushinwa bigizwe na za blindés, roquettes, ibigwanisho bikorora indege, vya vyotsi bikorora amosozi hamwe n’ibindi bigwanisho bize bivuye mu Bushinwa kugira ngo vyinjire mu gihugu ca centrafrique bihabwe igisoda n’igipolisi vy’ico gihugu.

Mu makuru ashirwa ahabona na AFP, amenyesha ko Ubufaransa bwamenyesheje ko ‘bufise makenga ku bijanye n’ibirwanisho vy’ubumara, nka vya bigwanisho bikorora indege hamwe n’ibindi…’.Ubufarandsa bukaba busaba ko hobanza kuba ‘isuzuma ryitondewe kuri ivyo bigwanisho hama hagafatwa ingingo’.

Ubwongereza na Amerika vyovyo bibona ko ‘centrafrique ata kaga ifise mu bijanye no guterwa n’indege z’intamabara, kandi ko bigaragara ko ingabo za centrafrique zitarizwa neza gukoresha mwene ivyo bigawanisho mu buryo bushitse’.

Igihugu ca Centrafrique kikaba caguye mu ntureka mu mwaka wa 2013 aho imigwi ishingiye ku moko n’amadini yaciye itangura gutana mu mitwe maze Ubufaransa buraza gusukamwo mabisi n’umugwi wa ONU ariwo MINUSCA uriko ubungabunga amahoro(harimwo n’ingabo z’Uburundi). Ubu ico gihugu kiguma cibasirwa n’ibitero biva kuri iyo mirwi irwana ivuga ko iriko ikingira ababo.