UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ibihano ibanki y’isi yafatiye uburundi vyagize inkwirikizi zikomeye-Gervais Ndirakobuca

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikirangaji wa mbere Gervais Ndirakobuca amenyesha ko uburundi buriko burahura n’ingaruka z’ibihano bwafatiwe n’ibanki y’isi yose naho vyakuweho kuva 2021 bikaba vyasize igihengeri gikomeye muvyo ubutunzi.Akaba asaba ibanki y’isi yose gufasha uburundi muri kino gihe uburundi buri mu bibazo vy’igitoro,umuyagankuba,ihindagurika ry’ibihe…Ibi yabishikirije kuri uwu wa gatanu mukiganiro n’urwego nyobozo rw’ibanki y’isi yose hamwe n’abagize Leta y’uburundi.


Kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya rya 5 Mukakaro 2024 mu kiganiro n’abagize urwego nyobozi rw’ibanki y’isi yose hamwe n’abashikiranganji ba Leta y’uburundi,umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi Gervais Ndirakobuca yaraye amenyesheje ko ibihano uburundi bwafatiwe n’ibanki y’isi yose vyagize ingaruka zikomeye ku Burundi mu vyo ubutunzi aho vyasize igihengero gikomeye mu gihugu no mumibereho y’abanyagihugu mbere nubu uburundi izo ngaruka ziracibonekeza ku gihugu.

Nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere uburundi buramaze gutera inyambwe mubisabwa n’ibanki nkuru y’isi yose aho ibintu 7kuri 8 bisabwa n’ibanki y’isi yose ku Burundi bimaze gukorwa.igisigaye n’ikibazo kijanye nuko ifaranga rivunjwa.

Gervais Ndirakobuca yarerekanye ibibazo uburundi buriko buracamwo muri kino gihe aho yashikirije ibibazo vy’igitoro,ihindagurika ry’igihe,umuyagankuba n’ibindi aho mbere yasavye ibanki y’isi yose gushigikira uburundi muri bino bihe.

Abagize urwego nyobozi rw’ibanki y’ibanki y’isi yose bari mu Burundi kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 4 Mukakaro 2024 mu rugendo rw’imisi itatu bakaba baje kuraba uko imigambi isanzwe ishigikiwe n’ibanki nkuru y’isi yose iriko irarangurwa mu Burundi hamwe no kuganira n’abategetsi bayoboye igihugu ku ibibazo bafise mu kurangura imigambi nuko zotorerwa umuti.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments