Ibigiye gukorwa kugira amafaranga y’agaciro aboneke mu gihugu n’ibiki?

0

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bumenyeshako muruyu mwaka wa 2018 ata nkeka amafaranga y’agaciro azoboneka.

Umushikiranganji Domitien NDIHOKUBWAYO yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017 aho yamenyesheje ko iyo abantu bose bari ku mirimo atacobuza ko amafaranga y’agaciro aboneka.

Haciye hafi imyaka 3 amafaranga y’agaciro akenye mu gihugu,none imigambi igiye gushirwa mu ngiro kugira ayo mafaranga aboneke n’ibiki?

Domitien NDIHOKUBWAYO yavuze ko ata migambo ihambaye itegurwa kugira amafaranga y’agaciro aboneke ariko iyo abantu bari ku mirimo n’ibikorwa bifasha ayo mafaranga akaboneka.

Uyo mushikiranganji ashikiriza ko ibiri mu gihugu vyose bishobora kuvyara amafaranga y’agaciro.

Kuva ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya hamwe n’ibihugu bimwe bimwe bihagaritse imfashyanyo zavyo zatanga kuri Reta y’Uburundi,ifaranga ry’Uburundi ryagiye risubira inyuma,n’ubu rikaba ritarasubira k’urugero ryahorako.

Abenshi mu bakurikirana ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi bashikiriza ko niyo hatakorwa imigambi ishira kunagura ubutunzi bizogora kugira bwisununure kuko kenshi iyitegurwa ari iyijanye no gukoresha amaafaranga.

Abantu benshi nta cizere bafise ko amafaranga y’Uburundi agiye gusubirana agaciro vuba nkuko vyari mu myaka 3 iheze kuko kenshi ibintu bitari bike bimaze imyaka vyibonekeza ko bitinjira k’urugeo rushimishije kubera ikena ry’ayo mafaranga nk’igitoro n’ibindi.