Ibiganiro ngo niyo nzira ishika kugira abarundi bave mu bibazo

0

Umuhuza w’abarundi arahumuriza muryango n’abarundi babuze mu ndyane ziri mu Burundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa Kane 2015.

rukara AFP

Mw’itangazo umuhuza yasohiye yasavye ishengezwa ry’inkozi z’ikibi zigize imisi ziha inkumbi. Nayo abahakomerekeye akabasabira gukira n’ukwongera kugarukana amagara meza.

Kubw’umuhuza Mouhamed Rukara ngo inzira y’ibiganiro birimwo ukuri niyo nzira yonyene ishika kugira abarundi baronke amahoro, agatumirira impande zose kwitabira ivyo biganiro.

Akaba yarangije itangazo asaba abarundi kuguma bafatanye munda.