Ibiganiro Ku Ntambara Iriko Ibera Muri Siriya

0

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Siriya, ejo ku musi ku wa kane, yabonanye n’intumwa z’iyo reta mu nama yabereye I Geneve mu Busuwisi. Ni mu ntumbero yo kubandanya utwigoro two guhagarika ingwano yo mur’ico gihugu, imaze imyaka itandatu.

Staffan de Mistura yarategekanije kandi kubonana n’abari mu murwi utavuga rumwe na reta ya Siriya. Ivyo biganiro bibaye haheze umusi umwe, atangaje kw’ata cizero afise kw’abo bategetsi bazogira ico bapfunditse, naho yavuze ko mur’iki gihe, hibonekeza ubushake ku mpande zose, bwo kubandanya umugambi w’amahoro.

Staffan de Mistura, Intumwa Idasanzwe ya ONU muri Syriya

Abegwa n’ikibazo c’amahoro muri Siriya baheruka kubonana mu mezi icenda aheze, mu nama yabereye mu Busuwisi. Ivyo biganiro vya nyuma baherukamwo, vyaheze nabi,  bivuye ku masezerano y’agahengwe, yagumye ahonyangwa incuro zitari nke.

Intumwa ya ONU De Mistura yavuze  kw’ivyo biganiro bisubiye gutangura kubera impamde zose zubahirije amasezerano y’agahengwe. Yarongeye aragabisha ko hari ababisha boshobora gusotorana kugira ngo, ivyo biganiro bisubire guhagarara.

Douma, akarere kiganziwe n’abarobeli, mu buseruko bwa Damas, Umurwa mukuru wa Syria

De Mistura yavuze ko mu bintu bigiye kwihwezwa, harimwo reta ihurikiyemwo bose, urwandiko rw’ibwirizwa shingiro, hamwe n’amatora atunganijwe mu mwidegemvyo, azohagarikirwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.