Ibiganiro i Bujumbura Vyahagaze kuri uno musi wa mungu

0

000_Par8228101_0

Ibiganiro hagati ya Leta ya Bujumbura hamwe n’abo batavuga rumwe ngo vyahagaritswe kuri uno musi wa mungu nkuko ikinyamakuru RFI kibishikiriza, imvo bashize imbere nuko hari ayandi mabanga bari bajejwe bategerezwa kurangura kuri uno musi.

Mu gatondo ko kuri uno musi wa mungu nta numwe mu bategerezwa guserukira yaba leta yaba umugambwe uri ku butegetsi yaba mbere n’iyindi migambwe bacuditse hamwe wari witavye ivyo biganiro kuri uno musi wa mungu.

Ivyo vyabaye ngo bishobora kuba vyari vyarashikirijwe ku musi wa gatandatu n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu aho yamenyesha ko hari urwandiko babonye uwo musi kandi rwari rumaze igihe kitari gito rubonetse ruvuga ku bijanye n’ishirwaho ry’inama y’iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha, urwo rwandiko ngo rurerekana neza ko hari umugambi wo gutembagaza intwaro ukibandanya. Abatari bake mubo batavuga rumwe na Leta ya Bujumbura bakaba  bararushizeko umukono.