Ibidandazwa bihingurwa n’ihinguriro ry’abafaransa Lactalus vyabujijwe kudandazwa mu Burundi

0

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda Sida,Dr Josiane NIJIMBERE yafashe ingingo yo guhagarika mu gihugu urudandazwa rw’amata yose ahingurwa n’ihinguriro ry’abafaransa ryitwa Lactalus

Dr Josiane NIJIMBERE asigura ko bafashe iyo ngingo inyuma yaho ubwo bushikiranganji bumenyeshereje ko buhagaritse urudandazwa rw’ibihingurwa na Lactalus inyuma yaho iryo hinguriro ryonyene rishikirije ko amata y’abana ryahinguye ririmwo imigera bita salmonella mu rurimi rw’igifaransa ituma umwana amererwa nabi mu nda iyo ayanyoye.

Abantu bamaze kuba baraguze ayo mata bakayaha ibibondo nta nkeka bokwitega ko bazohura n’ibibazo bijanye n’amagara.

Ikitumvikana n’ukuntu ivyo bidandazwa biba vyahinguwe vyinjira mu gihugu bigashobora kudandazwa nk’uko umengo ntivyigeze bipimwa n’ikigo kibijejwe.

Ubwo bushikiranganji butera akamo abajejwe amagara y’abantu n’inzego zose gufashanya n’abajejwe intwaro hamwe n’umutekano kugira iyo ngingo ije mu ngiro.