Nyakubahwa President,burya Abantu mushinga Amabanga muyabashiramwo kubera baba babishoboye canke muyabaha kubera muba muzinanye ingene mukora be naka mwana wa mama??

Bigenda gute Igisata cose cicwe n’Ibiturire,murorera namba mwoba mutabifisemwo uruhara?? Vy’ukuri ibibera muri PAF ntimuvyumva? Ariko ndafise icizere kinini n’amatohoza akwiye ko mubizi. Ivyo navyo bica bidutera kwibaza ko namwe mushikirwa!
Nyakubahwa,bigenda gute Abakozi wahaye Amabanga bagurishe Igihugu mu gutanga Passports n’izindi mpapuro nka Karangamuntu,…. kub’Anyamahanga murorera ngo n’uko babaha ama Dollars y’ibiturire???
Twebwe tudasiba kuvuga ibitangenda neza kugira mwikebuke,nitwe mwita Inyankaburundi,ariko mwebwe muriko mukidandaza kubanyamahanga nimwe Nkundaburundi!!
Inyankaburundi y’ambere ni uwo wese afatiye amaboko imugongo Abanegihugu,Akabima ivyo bafitiye uburenganzira ku buntu, Inyankaburundi mbi ni uyo muryi w’Ibiturire, Inyankaburundi mbi cane ni uyo agena mu mabanga abantu batabishoboye,yitwaje Imigambwe na ka mwana wa mama!





Recent Comments