UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ibibazo uburundi burimwo bitumwa nuko ata nfashanyo zikiboneka-Juvénal Ngorwanubusa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye umugambwe MRC Rurenzangemero akaba n’umwigisha muri kaminuza avuga ko ibibazo vy’ubutunzi uburundi burimwo vyatumwe nuko infashanyo zabuze naho Leta y’uburundi yahora ivuga ko ata nfashanyo bakeneye.Juvénal Ngorwanubusa asaba Leta y’uburundi gutunganya ibiganiro bidakumira kugira hatorwe umuti w’ibibazo bihanze igihugu.ibi yabishikirije kuri radiyo isanganiro inyuma yaho habereye ibitero vyama grenade mu gisagara ca Bujumbura bigakomeretsa abatari bake.


Uwo arongoye umugambwe MRC agira ati:«kera amahera uburundi bwakoresha,igice cayo cava mu nfashanyo hama mukanya gatoya birahava natwe turiremarema ngo turikwije burya ntitwikwije na gatoya.rero ibibazo vyose vy’ubutunzi bihanze uburundi ni kubera ata mafranga y’agaciro.ibitoro ntizogurwa n’amarundi,umwambiro w’ibinyobwa vya Brarudi ntibizogurwa mu marundi.izo nfashanyo rero zikwiye kugaruka ariko kugira zigaruke hakwikiye ibiganiro vyojamwe abarundi bose bafise ico boterera kugira ibibazo Bihari bitorerwe umuti.»

Juvénal Ngorwanubusa avuga ko kandi ibibazo vy’umutekano bimaze imisi vyibonekeza mu gihugunaho nyene hakwiye ibiganiro nkuko ibiganiro vy’Arusha vyabaye vyatumye habaho amasezerano yo guhagarika intambara maze umutekano uramara kabiri.

Juvénal Ngorwanubusa arongera ati:«ntushobora kubona baza kudutera ama grenade I Bujumbura ngo uce buno nyene utaragira amatohoza tuje twumva ngo wafashe abantu babikoze n’uwabatumye.nukurondera ingene haba amatohoza akwiye arimwo abantu benshi ataho begamiye hama umti uboneke.»

Kuwa gatanu w’indwi iheze harabaye igitero c’ama grenade mu gisagara ca Bujumbura kikaba carakomerekeje abarenga 30.bukeye umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano akaba yamenyesheje ko ababikoze bafashwa n’igihugu c’urwanda hama bakarungikwa mu muhari Red Tabara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments