Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari mu rugendo mu gihugu ca Somaliya, aho bivugwa ko yagiye gutera intege abasirikare b’Uburundi bari muri ico gihugu.
Urwo rugendo umukuru w’Uburundi yagize muri ico gihugu, akaba yarugize atabateguje nk’uko amwe mu makuru ariko aravugwa. Abasirikare b’abarundi rero bari kugarukana amahoro muri ico gihugu, bakaba bitwara neza nk’uko bivugwa n’ababarongoye, ndetse ico gihugu kikaba kigeze ku ntambwe ishimishije bivuye ku mwete w’abasirikare bahurikiye muri AMISOM, muri abo hakaba harimwo abarundi.
Twobamenyesha ko AMISOM ubu irongowe n’umusirikare w’umurundi ariwe Lieutenant Général Silas Ntigurirwa. Umukuru w’igihugu c’Uburundi rero, akaba yakiriwe na mugenzi we arongoye Somaliya.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments