Ibi n’ibintu wokora hano bigatuma utera imbere ndetse ukinziza amahera menshi !

0

Buri muntu wese kwisi yipfuza kubaho neza no gutuunga, ariko ikibazo gikunzwe kwibazwa na buri wese, ni uburyo umuntu yogera kuri ubwo butunzi. Umushakashatsi Dr Nima Sanandaji yaragaragaje ko kuba umuhirwe n’ubwo usanga kenshi bitoroshe ariko ngo bishoboka.


Inzozi zo mu buto zirashoboka mu gihe ufise Imipango mu buzima.

Dr Nima Sanandaji mu bushakashatsi bwiwe, akaba yarifashishije abantu bagera ku gihumbi babaye abahirwe baratunga , aho ubu usanga bafise ama Campany akomeye nka Richard Branson ufise uruganda rwita Virgin, ndetse na Larry Page na Sergey Brin ba nyene ikompanyi ya Google, Mark Zuckerberg umuyobozi wa Facebook, hamwe nabayobozi ba Youtube.

Dr Nima Sanandaji yasanzemwo imigambi ishobora gufasha umuntu kuba umutunzi, n’ubwo inzira iba itoroshe.

Dr Nima kumugambi wa mbere aravuga ati:’’ Ntushoshobora kwiduza mumwanya muto ngo uce uba Umutunzi, Gukora ikintu burigihe cose biraruhisha kandi bisaba gutinyuka ugafata icemezo ushaka, kuko ngo guhomba navyo biba bishoboka ninayo mpamvu rero umuntu wese agomba gutangura buhoro buhoro yitonze, atirukanga kuko n’amahirwe yo kunguka nayo aba ahari’’.

Ku mugambi wa kabiri Dr Nima avuga ko guhitamwo ahantu heza ho gukorera navyo vyogira ingaruka nziza kumugambi wawe, kuko ugomba guhitamwo ahantu abantu bakunze gukenera ivyo uzoba ubaha, kugirango bibashikire vuba na vuba bitagoranye baza Kubirondera.

Dr Nima ku mugambi wiwe wagatu avuga ko ubumenyi bufise inkingi ikomeye yo kuba umuntu yoba umuhirwe ndetse numutunzi mu buzima.

Aravuga ati: “ubumenyi bwa Larry page na Sergey Brin bakuye muri kaminuza mu gashami k’ibijanye n’ubushakashatsi kuri internet, nivyo vyatumye bashobora kwiyunvira kumugambi wo gushinga ” Google ” rwabagize abahirwe mu buzima ku rwego rw’isi, nyuma y’igihe gito ari abanyeshuri muri Kaminuza’’.

Dr Nima Sanandaji atanga avuga ko biba vyiza gushora imari mu bintu bitandukanye, kuko akenshi iyo ushoye mu kintu kimwe biba bifise amahirwe menshi yo guhomba.

Uwundi mugambi wanyuma atanga, nuko umuntu iyo yahisemwo umugambi akunda kandi mushasha ikindi naco bikaba bigaragara ko uwo mugambi ukenewe kandi atawundi muntu yawiyunviriye, bituma ubona amahirwe yo gutera imbere ndetse ukanaronka n’abagukwirikira benshi kuko uba wazanye udusha atawundi muntu yari bwazane.

Ubwiwe abwira abantu ko bomenya guhitamwo ico gukora kandi bagahitamwo ikintu gikenewe cane, kuko iyo uhisemwo gukora ikintu , hanyuma iminsi uko iguma ija imbere kikaguma gikundwa n’abenshi ” ivyo nivyo bizotuma ugera kumahirwe yokuba umutunzi.