UBM News ads
Sunday, December 10, 2023
No menu items!
UBM News ads

ibi ni bimwe mu bintu utazi bitera umugore kubura ubushake bwo gukora imibonano mpuzabitsina !

Ibintu bitera umugore kubura ubushake bwo gukora imibonano mpuzabitsina bigenda bitandukana bitewe n’umuntu, gusa ahanini hari ibintu usanga bisa naho ari rusangi kuri bose akaba arivyo tugiye kubabwira hano.

1. Umunaniro canke uburuhe

Iyo umugore akora cane ntabone umwanya wo kuruhuka, buri gihe akabonana n’umugabo wiwe arushe, ibi bituma ubushake bugenda bugabanuka. Twovuga nk’akarorero k’umugore yirirwa mu bikorwa bitandukanye vyo mu rugo, hanyuma yarangiza akita ku bana, mdetse agahera mu gitondo akora akageza kumugoroba, ibi rero bituma iyo ageze ku buriri yumva yokwisinzirira. Umugabo yamuzanaho ivyo kubonana akabikora atabishaka, rimwe na rimwe akabikora kugira ngo yirinde umugabo wiwe ntagire ico yovuga .

2. Guhora mu bintu bimwe

Hari ukuntu abantu bafata imibonano mpuzabitsina nk’aho ari igikorwa burigihe gikorwa mu buryo bumwe ku masaha amwe. Ibi rero bituma umugore abimenyera ndetse yaja no kubonana n’umugabo wiwe ntagire ikintu yumva kuko ubwonko buba bwaramaze kumva ko ari vya bindi bagiye gusubiramwo. Uko agenda yumva arambiwe guhora mu bintu bimwe niko uburyohe bugenda bugabanuka agasigara atabwo yumva, bitamufasheho ndetse akumva ntanico bimubwiye.

3. Guhangayika

Umugore uhora ahangayikiye akazi canke urugo rwiwe bituma ahora yiyunvira cane, ubwo rero usanga atabona umwanya wo kwiyunvira ku buzima bw’imibonano mpuzabitsina, iyo agiye kubonana n’uwo bubakanye, burigihe we yama ariko ariyunvira imipango yiwe imuhangayikishije bityo ntaryoherwe n’igikorwa arimwo.

5. Imiti

Imwe mu miti abagore bafata hari iyigenda imugabanyiriza ubushake bwimibonano mpuzabitsina bityo akazoshiduka atagishaka gukora imibonano mpuzabitsina, yayikora akumva atazi ivyo arimwo arakora. Ibi bishobora no kumubaho mu gihe aba anywa iyo miti ariko yayihagarika bigahera.

6. Kwiheba

Kwiheba navyo bituma ubushake bw’umugore bugabanuka, kuko aba yumva ntakazoza kubuzima afise, yaratakaje umunezero ku buryo n’iyo akoze imibonano mpuzabitsina yumva atazi ico akoze kuko we ubwiwe aba yumva abayeho nabi, yararenzwe n’ibibazo nta kintu na kimwe kikimushimisha mu buzima bwe.

7. Kuvyara

Bamwe mu bagore batinya kuvyara ku buryo iyo bavyaye hashira igihe batinya gukora imibonano mpuzabitsina n’abagabo kuko baba bumva ibinezaneza vy’umubiri vyaragabanutse batacipfuza abagabo bitewe n’uburibwe ndetse n’ububabare baba baragize mu gihe co kuvyara. Gusa ku bw’amahirwe, bo igihe runaka basubira mu buzima busanzwe, uburyohe bukagaruka.

Ibi rero bigira ingaruka zitandukanye mu buzima bw’abubakanye harimqo no kuba batandukana kuko hari igihe umugabo ageramwo akarambirwa kubandanya kubana n’umuntu utakimwishimira canke ngo yishimire ivyo amukorera. Iki kibazo kandi gishobora gutera indyane zihoraho hagati y’abubakanye kuko baba basa n’abatagihuza.

Abantu bahura n’iki kibazo rero, UBM News turabahanura ko boza baragerageza kuganira hagati yabo, guhindura bimwe mu vyo bagize akamenyero, guhindura uburyo umugabo yategura umugore we kandi akazana nibintu bishasha mu mibonano mpuzabitsina bakora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments