Mu rwandiko rwashizwe ahabona n’Ishirahamwe rijejwe ivyamabarabara mu gihugu c’Uburundi, vyemejwe ko ibarabara rya Bujumbura-Rumonge rigiye gusubira gusanurwa.
Muri urwo rwandiko bikaboneka ko iryo barabara rigiye gusanurwa namashirahamwe SOGEA Satom na Getra.
Amafaranga ategekanywa yashizwe ahabona muri urwo rwandiko kuri iryo bararabara ripima ibilometero 45 akaba ashika ku miliyaridi 80 mu mafaranga y’amarundi.
Mwomenya ko mu misi iheze umukuru w’igihugu Ndayishimiye yari yavuze ko habaye amakosa mu bijanye no gutanga isoko ku bakora iryo barabara.
Ubu hoho reta y’Uburundi ikaba yumvise akamo k’Abarundi batari bake bakoresha iryo barabara mu kwiyunguruza.
Mwomenya ko abatari bake bashaka kuja mu gisagara ca Rumonge bavuye mu gisagara ca Bujumbura kenshi baheba iryo barabara kubera ryuzuye ibinogo maze bagaca i Matana i Bururi bakabona gushika naho baba baziguye.
L'@ARBurundi a finalement tranché !
Dans une lettre de notification, l'@ARBurundi a informé le groupement SOGEA SATOM/GETRA que leur offre pour la réhabilitation du tronçon Gitaza-Rumonge (45Km) avait été acceptée.#Burundi#laplumeburundi pic.twitter.com/1ZQ2X66yWx
— La Plume Burundi (@LaPlume257) February 16, 2021
Mwe mwakiriye gute iyo ngingo ya reta yo gusanura iryo barabara rya Bujumbura-Rumonge?