UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ibanga ryari rinyegejwe ryagiye ahabona : Reta Y’uburundi iriko iragira ubwoba kubera bino vyemeza bishasha ” Mponimpa ” afise !

*RETA YA CNDD-FDD NTACO ICAMBARIYE KU VYEMEZA BISHASHA VYA MBONIMPA*

-Ifatwa n’ipfungwa ry’umukuru w’ishirahamwe Aprodh Petero Caraveri Mbonimpa ryaratewe ivyatsi n’abatari bake haba abo ngaha iwacu eka n’abo mu mahanga.
-Iryo fatwa ryiwe ryari rigamije kuzivya uwo wese yari kugira ico avuze ku bijanye n’imyimenyerezo ya gisirikare yariko ibera Kiliba-Ondes mu gihugu ca Congo ikorwa n’imbonerakure za Cndd-Fdd,igahagarikirwa na bamwe mu bihangange vyo mu nzego z’umutekano z’Uburundi

**NONE IYO NKURU YACIYE IHAGARARIRA AHO?

-Eka siko vyagenze,kuko Mbonimpa yahavuye ashishikara kurondeza amakuru yiyongera kuvyo yaramaze gushira ahabona.
-Ku nkuru dufise zivuga ko Mbonimpa yashoboye kubonana n’umwe mu bihangange vya poritike y’Uburundi,maze uno nawe akaba yashaka ase n’uwuhumuza Caraveri ngo ntagire atamba yirorera,maze amwereka amashusho arenze kure ayo Mbonimpa yarafise,amwereka n’amasanamu y’ivyariko bikorerwa aho hantu.
-Uyo muntu adasanzwe yerekanye ivyo bintu, riracari ibanga ko yoba yarasanzwe mu mpimba cnk ari uwaje kumuraba avuye hanze yayo.Ariko ikizwi neza nuko Mbonimpa vyamwogerereje ingoga zo gukora abonye ko atari wenyene mu rugamba rwo gukora Uburundi bushasha bw’ubutungane kuri bose.

*NKURUNZIZA NA RETA YIWE BARIKO BAHINDA AGASHITSI KUVYO MBONIMPA YOBA AFISE.

-Aho bitangarijwe ko Mbonimpa agiye kuzana ivyemeza bidasanzwe imbere y’ubutungane,bamwe mu bategetsi bafise uruhara muri irya myimenyerezo barara ntibuca,bibaza ico iyo bande(cassette) ihishije n’iyo yoba yayikuye.
-Ubu bariko baricuza icatumye bamutwara mu Mpimba,batanako imiragwe kuko basanze ari nka ca gikere bajugunya mu mazi ngo baragihanye.

***Ntabanga riba munsi y’ijuru,
-Ibanga ni iry’umwe irya babiri rihinduka ikiyago.

**Twizere ko Mbonimpa agiye kugaragaza ico abarundi n’amakungu banyotewe ku vyavuzwe kuriyo nkuru,no kwiyeza nk’uwusanzwe agwanira agateka k’abapfunzwe…

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments