I Makamba inama zikoregwa mw’ijoro n’imbonerakure zirateye amakenga

0

General Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika umukuru mu gipolisi akaba ari n’incuti ya hafi  y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,  yari muriyo ntara y’amajepfo y’Uburundi mu ntango y’iyi ndwi aho yakoranije imbonerakure zose za CNDD-FDD zo muriyo ntara.

le-gc3a9nc3a9ral-ndakugarika

Umwe mubari muriyo nama ikaba yabaye mw’ijoro  ryo kuwa kabiri no kuwa gatatu ku musozi wa Nyantakara zone Bigina Komine Kayogoro aremeza ko General Ndakugarika yabasobanuriye uko bokwitegura kwivuna aba roberi b’abatemera ikiringo ca Petero Nkurunziza.

Igipolisi naconyene kikaba cemeza ko izo nama z’ijoro ziba mu duce duce tumwe two muriyo ntara ya Makamba. Abanyangihugu bakaba batekewe n’ubwoba bw’ibishobora kugirigwa abatavuga rumwe na Leta mu gihe izo nkuru zobandanya zivugwa.