Uwahoze arongoye umugambwe CNDD FDD honorable El Hadji Hussein Radjabu yaraye atorotse ibohero rikuru rya Mpimba aho yaramaze imyaka irenga indwi.
Hussein Radjabu yatorotse iryo bohero mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, agenda ajanye n’uwurongoye ikirindiro c’abaporisi ku Mpimba, uwo bita Ezechiel “De Corps”, abaporisi batatu hamwe n’abanyororo bandi babiri bari basangiye icaha harimwo mbere umwe yitwa Remy yahora acungera ubuzima bwa Hussein Radjabu mw’ibohero rikuru rya Mpimba. uwa muburanira asaba umushikiranganji w’ubutungane kugira ico avuze kuko umutekano wiwe warusanzwe utifashe neza.
Recent Comments