Hussein Radjabu kw’isonga rw’abanyeporike barondererwa mu Rwanda

0

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA abandanya gusohora intonde z’abarundi asaba ko borungikirwa Ubutungane bw’Uburundi kugira bakurikiranwe ku vyaha bagirizwa.

N’aho adatomora icaha umwe wese aba akurikiranwako, Valentin BAGORIKUNDA amenyesha mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’ubutungane ko yosaba igihugu c’Urwanda ko corungika mu Burundi abantu bakurikiranwa mu butungane na dosiye nomero RMGP 697/MA

Ku rutonde rw’abo baronderwa n’ubutungane, kw’isonga hari Honorable Hussein Radjabu yahoze aramutswa umugambwe CNDD FDD. Kuri urwo rutonde hakabonekamwo kandi Général Godefroid NIYOMBARE, Bob RUGURIKA umuyobozi wa RPA, Léonidas HATUNGIMANA yahoze avugira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, n’abandi.

huse

Urutonde rw’abasabiwe ko Urwanda rwobarungika mu Burundi

Hussein Radjabu yahoze arongoye CNDD FDD

RIBAKARE Baudoin alias NDINDI

Général de Brigade Bunyoni Rodrigue, umuvukanyi wa Alain Guillaume BUNYONI umushikiranganji w’umutekano

Général NIYOMBARE Godefroid yamenyesheje ko ahiritse ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015

HABARUGIRA Philbert

NGENDAKUMANA Leonard

HATUNGIMANA Leonidas yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

BAKUNDUKIZE Liboire yahoze ari umuvugizi w’igiporisi

NIBIGIRA Edouard

NDUWIMANA Onesime yahoze ari umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

NDIKUMANA Patrick

NKURUNZIZA Aimé yahoze ari umukuru w’umurwi wamaho mu nama nsingamateka ujejwe ibibazo vya poritike

NKURUNZIZA Justine arongoye ishirahamwe COSOME

SINDAYIGAYA Jean Claude

MUGWENGEZO Chauvineau umukuru w’iteka w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA

BARAMPAMA Marine

NDUWIMANA Patrick umuyobozi wa Radio BONESHA FM

RUGURIKA Bob umuyobozi wa Radio Publique Africaine (RPA)

SEBUDANDI Christophe

NIYONKURU Gilbert ajejwe ibiganiro kuri Radio Publique Africaine (RPA)

Urwo rutonde rw’abasabiwe ko Urwanda rwobarungikira ubutungane bw’Uburundi rusohotse inyuma y’urundi rwarungikiwe igihugu c’Ububirigi, ikiboneka akaba ari uko abakurikiranwa gushika ubu basangiye dosiye nomero RMPG 697/MA

Kw’isonga ry’abasabiwe ko Ububirigi bworungikwa mu Burundi haza Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement). Abandi bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike basabiwe kurungikwa ni Margerite BARANKITSE arongoye ikigo Maison SHALOM, Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Société civile) ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Abandi baronderwa ni abari mu nama y’igihugu CNARED, abo nabo akaba ari Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD, Gerevasi Rufyikiri yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Piyo Ntavyohanyuma yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka, Pancrace CIMPAYE avugira urunani ADC IKIBIRI mu makungu, Chauvineau Murwengezo umukuru w’iteka w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA, Pancrace Cimpaye, hamwe na Catherine Mabobori yahoze ari umuvugizi mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Pontien GACIYUBWENGE yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi nawe akaba ari kuri urwo rutonde rw’abasabiwe gushikirizwa ubutungane bw’Uburundi, hamwe na bamwe mu banyeporitike bo muri CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu, abo nabo akaba ari Evariste Nsabiyumva yahoze ari umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe na Félix Ndayisenga.