Hollande avuga ko Uburaya budakeneye impanuro za Trump

0

Prezida w’Ubufaransa Francois Hollande yamiriye kure imvugo ya prezida aheruka gutorwa muri Amerika, Donald Trump yo kunebagura ingingo y’Ubudagi yo kwakira abimukira i Buraya.
Hollande yavuze ko ivyo Trump yavuze ata bwenge yashizemwo.
“Uburaya ntibukeneye impanuro zivuye hanze, bubwirweico bukora,” ni ko Hollande yavuze.

Trump yavuze ko umushikiranganji w’Ubudagi yakoze ikosa rikomeye mu kurekurira abimukira kwinjira muri ico gihugu ku bwinshi.
Merkel yishura kuri ayo majambo ya Trump, yavuze ko Uburaya bakwiye kubureka bugafata ingingo yabwo.
Umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika Jihn Kerry yaranebaguye iyo mvugo ya Trump.
Trump: Merkel yagize ikosa kwakira abimukira
Trump ariteguye gukorana n’Uburusiya hamwe n’Ubushinw
“Ndibaza ntakekeranya ko prezida yatowe wa Amerika kwisuka mu biraba politike z’ibindi bihugu ata guca ku ruhande,” ni ko Kerry yabwiye CNN.

“Azoba arekuriwe kuvuga ivyo kuva ku wa gatanu (umusi azorahirizwako) aho azoba abifitiye uburenganzira.”
Trump kandi yarateye uruhagarara mu bategetsi b’ibihugu vyishinze kugwaniriza umwansi hame, Otan, mu kuvuga ko iryo shirahamwe ritakijanye n’igihe tugezemwo.
Yanagabishije ko amakompanyi akora imiduga yo mu Budagi azoyasaba ikori rinini mu gihe yokwimurira ibikorwa vyayo vyokwimurirwa muri Mexique.
‘Gutangaza intambara’

Abajijwe n’ibimenyeshamakuru vyo mu Bwongereza, Trump yavuze ko ubumwe bwa Bulaya (EU), yavuze ko “cabaye igikoresho c’Ubudagi”.
Kuvyerekeye ukwakira abimukira mu 2015, yavuze: “Nibaza ko yakoze ikosa rikomeye mu kwakira abo bimukira bose bidaciye mu mategeko…”

Ari mu gisagara ca Paris, Hollande yavuze ko EU yiteguye gukorana na Amerika ariko uko gukorana gutegerezwa gushimikira “Ku nyungu n’ukubahana”.

Yavuze ivyo igihe yariko araha agashimwe uwahora aserukira Amerika mu BufaransaJane Hartley.
Uwundi munyepolitike wo mu mugambwe w’abasocialitse, yahora ari umushikirangani wa mbere, Manuel Valls, yavuze ko ijambo rya Trump ata ho ritaniye no “gutangaza intambara n’Uburaya”.

Biboneka ko Valls ari inyuma y’abo bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, mu matora azoba mu mpera z’uyu mwaka.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here